Uko wahagera

Mugabe Ntakibaye Ambasaderi w’Umukorerabushake wa OMS


Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe
Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ryisubiyeko rirahagarika igenwa rya Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe nka Ambasaderi w’umukorerabushake.

Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi mukuru wa OMS yatangaje kur’uyu w’imana ko amaze kwumviriza amakenga y’aba na bariya, amaze kuganira kandi na reta ya Zimbabwe yabonye ko vyoba vyiza ahagaritse ingingo yari yafashe yo kugena Mugabe ku neza ya OMS.

Inyuma y’aho Mugabe agenewe na OMS nka Ambasaderi w’umukorerabushake, amashirahamwe atari make hamwe na bimwe mu bihugu bikomeye kw’isi vyaciye bihaguruka biriyamiriza iryo genwa.

Bagiriza Mugabe guhohotera agateka ka zina muntu kandi bakavuga ko ata kuntu yohabwa ico cubahiro mu gihe ivy’amagara y’abantu mu gihugu ciwe vyayangaye mu kiringo c’imyaka yababa 30 amaze ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG