Uko wahagera

Dakar Kiragabishwa ku Bitero vy'Iterabwoba


Igice c'umurwa mukuru Dakar wa Senegal
Igice c'umurwa mukuru Dakar wa Senegal

Ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Senegal iragabisha abanyagihugu bayo kwama bameze magabo mu gihe bagendera mu bice vy’i Dakar bigenderwa n’abanyamahanga ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba.

Urwandiko rw’iryo gabisha rwasohowe kur’uyu wa kane rubuza Abanyamerika kurara mu mahoteri y’i Dakar ku murwa mukuru wa Senegal, ari ku nkengera z’ibahari gushika mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Eka na reta ya Canada kur’uyu wa kane ku rubuga rwayo rwa Internet yanditse ivuga ko hashobora kuba ibikorwa vy’iterabwoba i Dakar, isaba nayo abanyagihugu bayo kuba maso mu gihe bagendera ibice vy’uyo murwa mukuru bihurumbirwa n’abantu benshi.

Ubufaransa, bumaze amezi buvunira akagohe abanyagihugu babwo bufatiye akarorero bitero vy’iterabwoba bihitiye mu bihugu vyo muri Afrika y’uburengero bibanyi na Senegal ari vyo Mali, Mauritaniya na Burkina Faso.

Ayo makenga ashikirijwe mu gihe Dakar mu bihe biri imbere kiriko citegurira kwakira amanama mpuzamakungu atari make yo ku rwego rwo hejuru, arimwo inama mpuzamakungu ku mahoro n’umutekano muri Afrika izoba ku matariki ya 13 na 14 y’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron, yamaze gucurwa, atangaza ko atazoyitaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG