Uko wahagera

Amerika Itewe Amakenga na Nikleyeri ya Koreya ya Ruguru


The Latin Patriarch of Jerusalem Pierbattista Pizzaballa holds a Mass in the Church of the Nativity on Christmas eve in Bethlehem, in the Israeli-occupied West Bank.
The Latin Patriarch of Jerusalem Pierbattista Pizzaballa holds a Mass in the Church of the Nativity on Christmas eve in Bethlehem, in the Israeli-occupied West Bank.

Abategetsi babiri bakomeye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bavuga ko igihugu ca Koreya ya ruguru gisigaje amezi kugira gishobore gutera Amerika n’igisasu ca Nikleyeri.

Mike Pompeo arongoye ikigo c’Amerika gishinzwe iperereza ryo hanze y’iguhugu, CIA, yatangaje kur’uyu wa kane ko atewe ubwoba n’umuvuduko wa Koreya ya Ruguru kur’ivyo birwanisho kandi ko ico gihugu gishobora gutera ikirwanisho ca Nikleyeri mu buseruko bw’umugabane wa Aziya.

Avuga ko ico gihugu gishitse kure ku buryo ubu hasigaye kwiyumvira kubabuza gushika ku ntambwe ya nyuma.

Nawe Jenerali H.R. McMaster, umuhanuzi wa perezida mu bijanye n’umutekano mu gihugu yavuze nawe kur’uyu wa kane ko ubutegetsi bwa Washington bwariko bwiruka n’umwanya kugira burondere inyishu kur’ico kibazo, imbere yo gukoresha inguvu za gisirikare.

Abo bategetsi b’Amerika bavuga uko mu gihe Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya kur’uyu wa kane nyene yagabishije abipfuza gukoresha inguvu za gisirikare mu kubuza Koreya ya ruguru imigambi yaco ko bitazokunda.

Abategetsi ba Koreya ya ruguru baragabishije akatari gake Reta zunze ubumwe z’Amerika ko iriko irasotora intambara.

Icegera c’intumwa y’ico gihugu muri ONU Kim In Ryong, kuwa mbere yagabishije ko intambara ishobora kwaduka umwanya uwariwo wose.

Abandi bategetsi ba Koreya ya ruguru bagirije Amerika ko iriko yitegurira intambara, batanga akarorero k’ubwato USS Ronald Reagan butwara indege zirimwo ibisasu vya Nikleyeri, buza bwaratanguye imyimenyerezo mu buseruko bw’amazinga ya Koreya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG