Uko wahagera

Ubwigenge bwa Catalonye Buracyari Ingorabahizi


Kuri uno musi wa kane, umutegetsi wa Cataloniya Carles Puidgemont yabwiye Inama nshingamateka ko yafashe ingingo yuko hagiye kuba amatora y’ubwigenge bw’akarere ka Cataloniya kuri reta ya Esipanye.

Puidgemont avuga ko bigiye gukogwa mugihe reta ya Esipanye ititabira ibiganiro vy’umwumvikano canke ngo babandanye igabisha ryabo ry’uko bagiye kwima iyo ntara uburenganzira bwayo bwo kugira ubwigenge.

Ivyo bibaye mugihe umushikiranganji mukuru wa Esipanye Mariano Rajoy yari yahaye umutegetsi wa Cataloniya Puidgemont uno musi wa kane kuba ntarengwako, aho azoba yatomoye neza niba yaramaze gutangaza icese ubwigenge bw’iyo ntara. Aho n’inyuma y’itora rya referendumu ryabaye muntango z’uku kwezi kwa cumi.

Ivyo vyatewe n’uko mundwi iheze Puidgemont yari yashikirije ijambo icese ryakiriwe n’abatari bake nk’itangazwa ry’uko Cataloniya yikukiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG