Uko wahagera

Perezida Temer wa Brezil Yagirizwa Kurya Ibiturire


Perezida wa Brazil, Michel Temer
Perezida wa Brazil, Michel Temer

Umurwi muto w’abashingamateka ba Brezil bemeje ko Perezida Michel Temer adakwiye gukurikiranwa ku vyaha vyo kurya ibiturire.

Bitegekanijwe ko mu ndwi iza abagize inama nshingamateka bose bazokorana kugira batore kur’ivyo vyaha. Mu gihe bibiri kuri bitatu vyabo bokwemeza ko ahanwa, Perezida Temer yoca aba arahagaritswe ku butegetsi na sena mu kiringo c’amezi atandatu.

Mwibuke ko Temer yarusimvye ku vyaha vy’ukurya ibiturire mu kwezi kwa munani.

Temer yagiye ku butegetsi haraheze umwaka umwe, asubiriye Dilma Rousseff yakuwe ku butegetsi ku vyaha vyo gukoresha nabi amafaranga ya reta.

Perezida Temer yagirizwa ibiturire inyuma y’aho umwe mu bafasha biwe bamwegereye aherewe igipfukamunwa c’ibihumbi 150 z’amadolari kugira ntagire ico avuga ku miliyoni 12 z’amadolari z’ibiturire yagirizwa kurya.

Ivyo vyose arabihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG