Uko wahagera

SOMALIA: Igitigiri C’Abaguye Mu Gitero C’iterabwoba Kigeze ku 300


Mu gihugu ca Somaliya, imiryango yatanguye gufuba abayo inyuma y’aho ku musi wa gatandatu ikibombe c’akataraboneka giturikirijwe muri karitiye yo ku murwa mukuru Mogadisho irimwo amaduka menshi. Cahitanye ubuzima bw’abantu 276, kirongera kigakomeretsa abandi 300.

Imiryango imwe imwe ishobora no kudatora ibiziga vy’abayo kuko benshi mu bantu baguye mur’ico gitero, bahiye gushika aho batakimenyekana.

Reta ya Somaliya yarasohoye itangazo rivuga ko yatunganije ikibanza co mu bihe vyihutirwa ku mukurwa mukuru, aho imiryango ishobora kuronderera abayo.

Abategetsi ba Somaliya bafashe ingingo yo kugandara mu gihugu cose mu gihe c’imisi itatu. Prezida Mohamed Abdullahi Farmajo yarateye ivyatsi ico gitero avuga ko cakozwe n‘imburamutima.

Umushikiranganji w’igihugu ca Somaliya ajejwe gutangaza amakuru Abdirahman O. Osman, yaramishimiye Kenya, Ethiopia na Turkiya, vyarungikiye Somaliya, imfashanyo yo kuvura abakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG