Uko wahagera

Raila Odinga Yikuye mu Matora yo muri Kenya


Raila Odinga ageza ijambo ku banywanyi biwe
Raila Odinga ageza ijambo ku banywanyi biwe

Raila Odinga, aramutswa urunani rw’abatavuga rumwe na Reta ya Kenya “Nasa” yakuye akarenge mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije.

Odinga yagize ati “ Twihweje uburemere bw’ ayo matora, ku neza y’Abanyakenya, y’akarere, n’amakungu, twibaza ko vyiza ari uko, umugambwe wotanga uwundi mu kandida awuserukira kw’igenekerezo rya 26 y’uku kwa cumi. ” Odinga ivyo yabivugiye ku mboneshakure zo mu gihugu ca Kenya.

Bitegekanijwe ko amatora muri Kenya asubirwamwo igenekerezo rya 26 za kuno kwezi kwa Cumi.

Amatora ya Kenya asubiwemwo inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa muri ico gihugu igwirije n’ubusa ivyavuye mu yari yabaye kw’igenekerezo rya 8 y’ukwezi kwa munani muri uyu mwaka. Kubw’iyo sentare, ayo matora yari yatahukanywemwo intsinzi na Perezida Uhuru Kenyatta, yaranzwemwo utunenge twinshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG