Uko wahagera

Kurondera Abishwe na Nyamugigima Vyahagaritswe muri Mexique


Abajejwe gutabara Abashikiwe n'Ivyago muri Mexique
Abajejwe gutabara Abashikiwe n'Ivyago muri Mexique

Abategetsi ba Mexique bamenyesha ko kur’uyu wa gatatu batoye ikiziga ca nyuma mu bibomoke vy’amazu yabomoye na nyamugigima yo kw’itariki 18 y’ukwezi kw’icenda.

Umukuru w’igisagara ca Maxico, Angel Mancera yatangaje kur’uyu wa gatatu ko yisunze urutonde rw’abantu bari babuze, nta wundi muntu biteze gutora.

Perezida w’ico gihugu Enrique Pena Nieto, nawe yatangaje ko ibikorwa vyo kurondera abantu bihagaritswe hagiye gutangura gusanura ivyasambutse.

Mwibuka ko iyo nyamugigima yo ku rugero rwa manyitide 7.1 yahitanye abantu 369, amazu ashika 1800 arimwo n'amagorofa arasambuka cane cane ku murwa mukuru Mexico.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG