Uko wahagera

Ingabo Za Kongo Zagirizwa Gukoresha Inguvu z'Umurengera


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko ritewe amakenga n’ikoreshwa ry’inguvu z’umurengera ryakozwe n’inteko zijejwe umutekano za Republika iharanira demokrasi ya Kongo igihe hariko haba imyiyerekano y’abanyagihugu.

Umwana w’umukobwa yarahasize ubuzima.

Inteko zijejwe umutekano zivurwa ko zarashe insoro z’ukugabisha mu ntumbero y’ugushwiragiza abari mu myiyerekano mu gisagara ca Bukavu mu buseruko bw’igihugu ku musi wa mbere.

Ivyo bitangazwa n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ONU, MONUSCO.

Izo nteko zimenyesha kw’umwana w’umukobwa w’imyaka umunani yari agiye kw’ishule yahitanywe n’urusoro rwataye inzira yaryo, aca aracikana.

Ababa mu gisagara ca Bukavu bariko biyamiriza umutekano muke n’ubusuma buba kenshi hakoreshejwe ibirwanisho.

Maman Sidikou, ayoboye inteko za MONUSCO avuga kw’inteko zijejwe umutekano zidategerezwa gukoresha inguvu z’umurengera. Amenyesha kw’atacitwazo na kimwe kihari c’ukwica abari mu myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG