Umushikiranganji wa Koreya ya ruguru ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Ri Yong Ho yavuze ko Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje intambara ku gihugu ciwe kandi ko bazokwivuna mu gihe boterwa.
Uwo mushikiranganji avuga kandi ko bafise uburenganzira bwo gukorora indege z’intambara z’Amerika naho zitazoba zirinjira mu kirere cabo.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House vyatangaje ko bitigeze bitangaza intambara kuri Koreya ya ruguru.
Nayo umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika, Pentagon Colonel Robert Manning yabwiye abamenyeshamakuru ko mu gihe Koreya ya ruguru itohagarika agasotoro, igisirikare c’Amerika kizohitiramwo Perezida Trump umukenyuro nyawo kur'ico gihugu.
Facebook Forum