Uko wahagera

Amerika Yongereje Imfashanyo Ku Bihugu 3 Vy'Afrika na Yemeni


USAID logo
USAID logo

Reta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko igiye kwongereza imfashanyo iha ibihugu vya Yemen, Sudani y’epfo, Nijeriya na Somaliya igenewe gufasha ama miriyoni y’abanyagihugu bugarijwe n’ikena ry’ibifungurwa hamwe n’intambara.

Imiriyoni 575 z’amadorari y’Abanyamerika y’imfashanyo yongerejwe azohabwa ivyo bihugu bine, biciye mu gisata c’Abanyamerika kijejwe iterambere mpuzamakungu, USAID nkuko vyatangajwe na Mark Green ajejwe ivy’intwaro mur’ico kigo.

Ayo mafaranga azofasha kugura ibifungurwa, imiti, gutez’imbere ibijanye n’isuku, kugura amahema hamwe no gukingira abanyagihugu basinzikajwe n’intambara.

Iyo mfashanyo nshasha iciye ishikana imiriyaridi 2.5 Amerika imaze gufashisha ivyo bihugu kuva uyu mwaka utanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG