Uko wahagera

Amerika Yipfuza Gufashiriza Impunzi mu Bihugu Vyabo


Reta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko irindiriye kumenya amafaranga izokoresha mu mwaka uza, kugira izoce itangaza mu ndwi ziri imbere ibitigiri vy’impunzi yiteguriye kuzokwakira.

Ariko naho bir’uko, Perezida Donald Trump yabwiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko Amerika igiye kwiyumvira kugumiza izo mpunzi mu bihugu vyabo ikazifashirizayo.

Trump avuga ko kubafashiriza iwabo ari kimwe mu vyofasha guterera mu gusanurwa no guteza imbere ibihugu vyabo. Ivyo yabishikirije abakuru b’ibihugu mu nama iba buri mwaka barimwo muri ONU.

Ku bwiwe amafaranga akoreshwa mu kuzana impunzi imwe gusa ashobora gufasha abarenga cumi mu gihe bagumye mu ntara bavamwo, yongerako ko haruhande y’ivyo Amerika har’amafaranga ifashisha ibihugu bibakira.

Amerika yamye iza imbere y’ibindi bihugu mu gufasha kwakira impunzi; ariko Trump agishika ku butegetsi mu kwezi kwa mbere yaje afise intumbero yo kugabanya ibitigiri vy’impunzi Amerika yakira.

Igabanuka rya mbere ryitezwe mu nteguro y’itegeko ry’amafaranga reta ikoresha buri mwaka, ricigwa n’abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG