Uko wahagera

Itariki y'Amatora Muri Kenya Irashobora Guhinduka


Abagize Sentare ntahinyuzwa muri Kenya
Abagize Sentare ntahinyuzwa muri Kenya

Ishirahamwe ry’Abafaransa ryatanze ubuhinga bwa none bwo guharura amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Kenya rimenyesha ko ritazoba riraheza gutunganya ukundi gusha ubwo buhinga kugira ribashe kwongera kubukoresha mu matora ategekanijwe kw’itariki ya 17 y’ukwezi kw’icumi.

Ishirahamwe OT Morpho ryaramenyesheje kur’uyu wa mbere ko ryarungikiye urwete rubimenyesha umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Kenya.

OT Morpho rivuga ko riravye uburemere n’umwanya ivyo bikorwa bizomara, aho ritegerezwa gutunganya ukundi gusha ama ordinateri ngendanwa ibihumbi 45, rititeguye kur’iyo tariki nshasha yagenwe kugira ayo matora asubirwemwo.

Mwibuke ko umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga yitwaye kuri sentare ntahinyuza avuga ko ubwo buhinga bwakoreshejwe bwahaye amajwi menshi uwo bahiganwa Uhuru Kenyatta. Yavuze kandi ko atazokwitaba ayo matora abagize umurwi uyatunganya badasubirijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG