Uko wahagera

Abakora Uburovyi Budaciye mu Mategeko Bahagurukiwe mu Burundi


Igiporisi kiriko gisatura amato akoreshwa mu kuroba mu buryo butubahiriza amategeko
Igiporisi kiriko gisatura amato akoreshwa mu kuroba mu buryo butubahiriza amategeko

Imisegetera iharurwa ku 2000 n’iyindi mitego itemewe n’amategeko ikoreshwa mu burovyi kur’uyu wa gatanu yaturiwe ku cambu ca Nyagisozi c’ikiyaga Rweru muri komine Busoni, mu ntara ya kirundo.

Muri ico gikorwa, umurwi w’igihugu ujejwe umutekano wo mu mazi wasatuye kandi amato akoreshwa mur’ubwo burovyi.

Gerard Nyandwi, umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe uruja n’uruza mu mazi, guteza imbere ibivuko n’indarayi akaba ari nawe yar’arongoye uwo mugwi avuga ko biriko bikorwa mu ntumbero yo kugarukira umwimbu w’amafi ubangamiwe n’uburovyi budakurikije amategeko.

Bene imitego yaturiwe barashima ico gikorwa ariko basaba Kwitabwaho kugira akazi kabo kabandanye.

Imisegetera ikoreshwa mu burovyi idakwije ibisabwa iriko iraturirwa
Imisegetera ikoreshwa mu burovyi idakwije ibisabwa iriko iraturirwa

Mugihe abanyagihugu bavuga ko ata mikoro bafise yo kugura ibikoresho vyemewe n’amategeko, Gerard Nyandwi ahanura abo banyagihugu gushira inguvu hamwe.

Nyandwi amenyesha ko umwimbu umaze kwiyongera aho bamaze gutuza bihagije uburovyi butemewe n’amategeko, agatanga akarorero ko ku vyambu vyo ku kiyaga Tanganyika nka Nyanza-Lac.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG