Uko wahagera

Igihuhusi Irma Casenye Benshi muri Florida


Abantu baba muri reta ya Florida muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika uyu musi ku wa kabiri, bahava bibonera ukuntu imvura y’agakura hamwe n’umuyaga w’igihuhusi, Irma, wasambuye ivyabo.

Mur’iki gihe igice c’abanyagihugu bose batuye iyo reta, batagira umuyagankuba, kandi n’amabarabara mu bice vyinshi yuzuyemwo amazi y’umurengera.

Komine ya Monroe, yahaye uburenganzira abanyagihugu baba mu bice vyo mu buraruko bwa Florida, bwo kuja kwirabira ivyabo, mu gihe ibindi bice vyayo, bicugaye kubera amabarabara makuru yose yononekaye.

Abategetsi batangaje kw’abahinga mu kwubaka ibiraro bamaze gusuzuma ibiraro 42 bituma abantu bagira uruja n’uruza mu bice bitandukanye, kandi basanze ivyo biraro bimeze neza.

Utuzinga twa reta ya Florida, nitwo twatanguye gusinzikazwa cane n’umuyaga w’igihuhusi hamwe n’imvura y’agakura ku musi wa mungu mu gitondo.

Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika banonosoye ubuhinga bwo kugwanira mu mazi, bararungitse ubwato butatu bugiye gufasha mu gikorwa co kugarukira abegaramiwe hamwe n’ukurondera abashobora kuba barahitanywe n’igihuhusi Irma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG