Uko wahagera

Perezida Gnassingbé wa Togo Asabwa Kwegura


Abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Togo biyamiriza intwaro ya perezida Faure Gnassingbé
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Togo biyamiriza intwaro ya perezida Faure Gnassingbé

Abanyagihugu bari bakoraniye I Lomé k’umurwa mukuru wa Togo k’umugoroba wo kur’uyu wa kane mu myigaragamvyo isaba ko Perezida Faure Gnassingbé ava k’ubutegetsi hagahindurwa na bimwe mw’ibwirizwa nshingiro baratewe ivyuka bikoroza amosozi n’igiporisi.

Iyo myigaragamvyo gushik’ubu nta muntu arahasiga ubuzima.

Abigaragamvya basaba ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa, hagashiramwo ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu bigarukira kuri bibiri, kandi hagashirwamwo ko amatora ashobora gusubirwamwo atagenze neza.

Biyamiriza kandi intwaro ya Faure Gnassingbé, yasubiriye se haraheze imyaka 12, mugihe se Gnassingbé Eyadéma yatwaye Togo imyaka yababa 40. Abanyagihugu bavuga ko imyaka 50 batwarwa n’umuryango umwe bikwiye kurangira.

Iyo myiyerekano yatumweko n’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Togo.

Perezida Faure Gnassingbé ntaco aravuga kuva iyo migumuko itanguye k’umusi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG