Uko wahagera

Umunyarwanda Tabaro Muri Sentare m'Ubusweda


Theodore Tabaro, umusweda akomoka mu gihugu c’Urwanda yagirizwa ihonyabwoko azoseruka imbere y’urwego rudasanzwe rwa sentare yo mu gisagara ca Stockholm rwihweza iivyaha bidasanzwe kuva kw’italiki cumi na zibiri z’ukwezi kw’icenda.

Tabaro, afise imyaka mirongo 49 muri iki gihe, yagirizwa kugandagura abantu, gufata abapfasosni n’abigeme ku nguvu n’ukunyuruza abantu mu gihe c’ihonyabwo ryakorewe abatutsi mu mwaka w’i 1994.

Ivyo vyabaye hagati y’italiki icenda y’ukwezi kwa kane n’italiki mirongo itatu n’imwe y’ukwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 1994, muri segiteri za Winteko, Nyakanyinya na Mibirizi, mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.

Tabaro, ari ku rutonde rw’abakoze ihonyabwoko baronderwa, rwashizwe ahabona na parike y’Urwanda ku kibanza cayo ca internet.

Yamara yarakoze ubwicanyi wenyene ubwiwe, nkuko avyagirrizwa na sentare yo ku murwa mukuru w’Ubusweda, Stockholm.

Tabaro arahakana ivyaha yagirizwa. Yashitse mu gihugu c’Ubusweda mu mwaka w’i 1998, ahabwa ubwenegihugu mu mwaka w’i 2006.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG