Uko wahagera

Félix Tshisekedi Asaba Urunani Rwirukana Kabila


Felix Tshisekedi, arongoye urunani Rassemblement muri republika iharanira demokarasi ya Kongo
Felix Tshisekedi, arongoye urunani Rassemblement muri republika iharanira demokarasi ya Kongo

Umukuru w’urunani, Rassemblement rw’abanyeporitike batavugarumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Felix Tchisekedi yasavye abo bafatanije urugamba kwunga ubumwe bagasugereza Perezida Joseph Kabila gushika aho yomoka akava k'ubutegetsi imbere y’uko umwaka w’2017 urangira.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri, Tchisekedi yamenyesheje ko ata bindi biganiro biteze kuzojamwo n’ubutegetsi.

Tchisekedi abona ko hakwiye kuba ukubisikanya k’ubutegetsi no kubohora igihugu imbere y’itariki 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2017.

Republika iharanira demokarasi ya Kongo kiri m’uruhagarara rufatiye kumvo za poritike rwatewe n’ukuguma k’ubutegetsi kwa Kabila inyuma y’aho ibiringo bibiri yemererwa n’ibiwirizwa nshingiro ry’ico gihugu birangiriye itariki 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG