Uko wahagera

USA: Igihuhusi Irma Gishobora Gutera Florida


Amasanamu ya Satelite yerekana igihuhusi Irma.
Amasanamu ya Satelite yerekana igihuhusi Irma.

Mugihe akarere ko ku nkengera z’amabahari mu buseruko no mu kigobe ca Reta zunze ubumwe z’Amerika tukibangamiye n’igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi ciswe Harvey, ikindi gihuhusi ciswe Irma co k’urugero rwa kane naco kuva kur’uyu wa mbere kiriko gikurikiranirwa hafi.

Abagendereza ibihe bagabishije ko amazinga ya Puerto Rico na Virgin Islands ashobora kubangamirwa bikomeye.

Abajejwe gutabara baragabisha intara za Carraibe ko zishobora kubamwo imvura yo k’urugero rwa 25 cm, ishobora kubomora imisozi igatera n’imyuzure ishobora kugera ku metero indwi z’amaduga.

Ntibiragaragara ko ico gihuhusi Irma kiza gushika k’ubutaka bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika, ariko abagendereza ibihe bavuga ko reta ya Florida m’ubumanuko ishobora gushikirwa mu mpera z’iyi ndwi.

Nayo igihuhusi Harvey cari kimaze imisi ciha inkumbi mu ma reta ya Texas na Louisiana kiriko kirarengana ubutaka bw’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG