Uko wahagera

Boko Haram Wishe Abashika 400 mu Mezi Atanu


Ikiranga Amnesty international
Ikiranga Amnesty international

Ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International rimenyesha ko umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram umaze kwica abantu bashika 400 kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane, ibitigiri vyiyongeye incuro zibiri ugereranije n’amezi atanu y’imbere y’aho.

Urutavanako rw’ibitero hamwe n’ubwiyahuzi bikorwa n’abarwanyi ba Boko haram mu bihugu vya Kameruni na Nijeriya vyonyene vyahitanye abanyagihugu bashika ku 381 mu mezi atanu aheze yonyene, nkuko Amensty ibandanya ivuga.

Haruhande y’ibitero bigana abanyagihugu ataco bazira, uwo muhari cane cane ishami ritwarwa n’umukuru wawo, Abubakar Shekau watanguye guhiga abo wise ko baha amakuru yawo abajejwe umutekano.

Perezida Muhammadu Buhari wa Nijeriya aheruka gutahuka inyuma y’amezi atatu yar’amaze hanze y’igihugu kwivuza aremeza ko uwo muhari wongereje ibitero, agasezeranira abanyagihugu biwe ko agiye kuwuvira hasi.

Amnesty yibutsa ko abantu barenga imiriyoni indwi aribo bakeneye imfashanyo vyihutirwa mu bihugu bibangamiwe n’uwo muhari arivyo Nijeri, Nijeriya, Tchad na Kameruni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG