Uko wahagera

Imvugo Inyuranye mu Bategetsi ba Amerika ku Bitero vya Koreya ya Ruguru


Prezida Donald Trump, na Jim Mattis Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika
Prezida Donald Trump, na Jim Mattis Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika

Umushikiranganji wo kwivuna abansi hano muri Reta Zunze Ubumwe, Jim Mattis, amenyesha ko Amerika itigeze ihindura umugambi wo kuganira na Koreya ya Ruguru. N’inyuma y’aho Prezida Donald Trump atangarije ko kuvuga bitakiri inyishu.

Ivyo Mattis yabivuze mu gihe yariko arishura ku kibazo kijanye n’ubutumwa bwatanzwe na Prezida Trump, buciye k’urubuga rwa Twitter, mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, ku bijanye n’ibitero vya misile balistike Koreya ya Ruguru iheruka gukora.

Mu gihe abahinga bavuga ko abo bategetsi bakoresha imvugo zihushanye, Sarah Sanders, ajejwe kumenyekanisha amakuru mu biro kwa Prezida, yavuze ko ata gihushane kirimwo kandi ko abantu bibaza ko Prezida Trump ariko aravuga ku kijanye no gukoresha inguvu za gisirikare, atobikora atisunze abantu bamwe bamwe harimwo General Jim Mattis, abategetsi mu gisirikare n’abandi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG