Uko wahagera

Igitero Cagirizwamwo Abanyamerika Cahitanye 10 Muri Somaliya


Ibiziga vy'abishwe vyashizwe mu gisagara Mogadishu, Somalia
Ibiziga vy'abishwe vyashizwe mu gisagara Mogadishu, Somalia

Umutegetsi wa Somali atangaza ko abanyagihugu cumi bishwe uwundi umwe arakomereka mu gitondo co kur’uyu wa gatanu mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bo mw’ishirahamwe ryigenga ry’Abanyamerika ricungera umutekano, ryitwa, Bancroft.

Icegera ca buramatari w’intara ya Lower Shabelle, Ali Nur Mohamed yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ubwo bwicanyi bwabereye mu kigo c’indimo kiri hafi y’igisagara Barire, ku birometero 55 uva mu bumanuko bushira uburengero bwa Mogadishu.

Abagabo babiri b’Abazungu bafatanije n’Abanyesomaliya bakeyi nibo bakoze ico gitero cahitanye abo bantu barimwo abana bato n’abakuze, uwo mutegetsi abandanya avuga. Avuga kandi ko mu bapfuye harimwo nyene izo ndimo hamwe n’abakozi biwe.

Iryo shirahamwe ricungera umutekano Bancroft ryegukira Abanyamerika rikaba ritanga inyigisho za gisirikare n’ibikoresho ku basirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika hamwe n’abasirikare ba Somaliya.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Somaliya, Abdirashid Mohamed Abdullahi yavuze abo bantu barashwe kuko bari bafise ibirwanisho kandi basabwe kubishira hasi baranka.

Abandanya avuga ko amatohoza yatanguye kugira bamenye vy’ukuri ko abo bishwe bari abarimyi canke abarwanyi ba Al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG