Uko wahagera

Abantu 20 Bahitanwe n'Igitero c'Iterabwoba i Kabul


Abategetsi ba Afuganistani batangaza ko igitero c’umwiyahuzi ku musigiti w’abashiyite ku murwa mukuru, Kabul, cahitanye abantu 20 abandi 40 barakomereka, harimwo abaporisi babiri, hari mu bisabisho vy’uno musi ku wa gatanu.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri Afuganistani, Najib Danish yemeje k’umwe mu bagize igitero yiturikije ku rwinjiriro rw’umusigiti Imam Zaman, mu gihe abandi batari bake binjiye imbere mur’uyo musigiti.

Umuhari w'iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu wiyitiriye ico gitero. Igiporisi cazibiye akarere ico gitero cabereyemwo.

Imam Zaman n’umwe mu misigiti ikomeye y’abashite mu karere igitero c’uno musi cabereyemwo.

Ico gitero kibaye imisi mikeyi inyuma yuko perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump atangaje imigambi yiwe mishasha ku vyerekeye igihugu ca Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG