Uko wahagera

Igiporisi Cishe Uwakoze Igitero i Barcelone


 Younes Abouyaaqoub, yagirizwa Igitero c'Iterabwoba muri Barcelone.
Younes Abouyaaqoub, yagirizwa Igitero c'Iterabwoba muri Barcelone.

Igiporisi muri Esupanye carishe umugabo gikeka kuba ariwe yar’atwaye imodoka yagonze abantu ku musi wa kane mu gisagara Barcelone.

Younes Abouyaaqoub yishwe n’igiporisi kur’uyu wa mbere ayo yar’ari mu mihana iri ku birometero 45 mu burengero bwa Barcelona. Abategetsi b’aho bavuga ko bamurashe inyuma yaho baboneye yiboheyeko bombe mu nyuma basanze atari yo vy’ukuri.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu mu ntara ya Catalan, Joaquim Forn yatangaje ko vyose biriho vyemeza ko uwishwe vy’ukuri ari Younes Abouyaaqoub yariko atwara imodoka yishe abantu 15 I Barcelone.

Abategetsi bavuga ko Abouyaaqoub, yavukiye muri Maroke kandi yaba muri Esupanye, yar’azwi kandi mu busuma bwo kwiba imiduga no gucumita abantu n’imbugita.

Igiporisi kimenyesha ko kikirondera uwundi mu imam yitwa Abdelbaki Es Satty, uwo ciyumvira ko ariwe yatanze inyigisho ku bakoze ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG