Uko wahagera

Kenya: Odinga Yatsinzwe Amatora Agiye Kwitura Ubutungane


Raila Odinga, umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Kenya
Raila Odinga, umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Kenya

Mu gihugu ca Kenya, Raila Odinga aheruka gutsindwa mu matora y’Umukuru w’Igihugu yatangaje ko agiye kwitura ubutungane, mu kibanza co guhamagarira abanywanyi biwe mu myiyerekano. Odinga yemeza ko yibwe amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka.

Iyo ngingo yatumye impungenge zigabanuka mu gihe abatari bake bari bafise ubwoba bw’uko hashobora kwaduka ubwicanyi. Odinga avuga kandi ko bazokwigisha amahoro nk’uko bamye babikora. Yamara ko bazoharanira n’uburenganzira bwabo bwo gukora imyiyerekano. Yatangaje ko bazogandara, bakagira umwanya w’agacerere, kuvuza ingoma no gukora ibishoboka vyose kugira ngo berekane, biciye m’umutekano, ko bibwe amatora.

Mu matora yabaye mu ndwi iheze muri Kenya, Raila Odinga yatahukanye amajwi mirongo ine n'ane n'ibice umunani kw’ijana, nayo Prezida Uhuru Kenyatta bahiganwa asubira gutorwa ku majwi mirongo itanu n'ane n'ibice bitatu kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG