Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yabaye Irabangira Kuzotera Amerika


Kim Jong Un
Kim Jong Un

Perezida wa Koreya ya ruguru yashikirije ko abaye arabangira ku mugambi wiwe wo gutera ibigendajuru bine vya Misile kw’izinga rya Guam riri mw’ibahari Pasifike ryegukira Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Kim Jong-Un yabitangaje kur’uyu wa kabiri avuga ko yihaye umwanya wo kuraba inyifato y’Amerika.

Bamwe mu bahinga bakurikirana ibintu hafi bavuga ko uwo mutegetsi yoba ariko arondera umuryango wo gusohoka mur’uwo mugambi w’intambara kugira acureshe uguterana amajambo kwari kumaze imisi hagati yiwe na mugenzi wa w’Amerika.

Amerika yipfuza kuganira na Koreya ya ruguru

Umushikiranganji w’imigenderanire w'Amerika, Rex Tillerson yatangaje kur’uyu wa kabiri nyene ko Washington yiteguye kuganira na Koreya ya ruguru naho ico gihugu kivuga ko kibaye kirahagarika gutera izinga rya Guam.

"Ati tubandanya gushira imbere inzira y’ibiganiro, ati ariko biva kuri Kim Jong Un," Tillerson abandanya avuga.

Ariko uwo mutegetsi w’Amerika avuga ko Koreya ya rugura ibanza kuvavanura n’umugambi wayo wo kugerageza ibigendajuru vya misile imbere yuko ivyo biganiro vyotangura.

Abakurikiranira ibintu hafi bavuga ko Misile Koreya ya ruguru yateye ku magenekerezo ya 4 na 28 z’ukwezi kwa ndwi vyerekanye ko Ico gihugu gifise ubushobozi bwo gutera intara ya Alaska ndetse n’ubutaka bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG