Uko wahagera

Koreya yo mu Buraruko Irinuba Igabisha rya Prezida Trump


Prezida wa Amerika, Donald Trump, i buryo n'umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, i bubamfu
Prezida wa Amerika, Donald Trump, i buryo n'umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, i bubamfu

Koreya yo mu buraruko irinuba igabisha rya prezida wa Amerika Donald Trump rivuga kw’azogira igitero ca gisirikare kuriico gihugu nibabandanya gusomborotsa reta zunze ubumwe za Amerika.

Ku musi wa kabiri, Trump yaratanganje cane abamushigkiye n’abatavuga rumwe nawe muri Amerika no mumakungu aho yarahira yuko azotera Koreya yo muburaruko n’umuriro w’akataraboneka. Iyo mvugo yari isanzwe imenyerewe kuvugwa na reta ya Pyongyang.

Kuri uno musi wa kane General Kim Rak Gyom, umukomanda mu gisirikare ca Koreya yo mu buraruko ajejwe ibigwanisho ruhonyangada, yabwiye ikinyamakuru ca reta KCNA y’uko ibiganiro na Perezida Trump bidashoboka. Gyom avuga ko Trump ar’ umuntu atiyumvira neza kandi kw’ ikintu conyene cokora kuri we gisaba inguvu.

General Gyom yongeye abwira KCNA kw’ abategetsi b’igisirikare ko hagati mur’uku kwezi kw’umunani bazoba baheraheje umugambi wo gutera izinga rya Amerika rya Guam riri mu burengero mw’inyaja ya Pacifique. Iryo zinga rifise ikambi y’abasirkare bagwanira mu kirere n’ibiro vy’abasirikare bagwanira mu mazi. Ivyo bitero Gyom avuga ko vyokorwa n’ama missile arasira hafi yitwa Hwasong-12.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG