Uko wahagera

Kenya: Raila Odinga Yahakanye Ibiharuro Mfatakibanza


Raila Odinga, umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri kenya
Raila Odinga, umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri kenya

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya batangaje kur;’uyu wa gatatu ko batemera ibiharuro mfatakibanza bimaze gutangazwa biha ikibanza ca mbere perezida, Uhuru Kenyatta.

Raila Odinga ubwiwe yabwiye ibimenyeshamakuru kur'uyu wa gatatu ko atemera ivyo yise ibiharuro bitabaho.

Ku miliyoni 11 z’abatoye zimaze guharurwa ku miliyoni 19.6 ziyandikishije gutora Kenyatta aza imbere ku majwi 55.27 kw’ijana mugihe Odinga bahiganwa afise 43,93, n’ukuvuga ko Kenyatta aza imbere kumajwi angana umuriyoni umwe n’ibice bibiri.

Urunani rw’abatavugarumwe n’ubutegetsi ruvuga ko komisiyo y’amatora itabashikirije ivyegeranyo vy’ingene amatora yagenze kumabiro atandukanye mugihe yashimye kubishikiriza ibicishije kurubuga rwayo rwa internet.

Kugira umukandida yemererwe ko yatsinze mu gice ca mbere, ategerezwa kurusha uwundi amajwi arenga 25 kw’ijana mu ntara 24 kuri 47 zigize igihugu.

Abandi bakandida batandatu bahiganwe mur’ayo matora bose bashize hamwe amajwi ntibararenza igice kimwe kw’ijana, nkuko ibiharuro vy’imfatakibanza vyavyerekana.

Indorerezi z’Abanyakenya hamwe n’izavuye mu makungu baragaragaje amakenga ko hashobora kwaduka imigumuko nihatangazwa ivyayavuyemwo, mugihe ico gihugu kicibuka ivyabaye mu myaka y’2007-2008, aho abantu 1100 bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG