Uko wahagera

Trump Yahaye Ubutumwa Bukomeye Koreya ya Ruguru


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kur’uyu wa kabiri yaratanze ubutumwa bukomeye bugabisha Koreya ya ruguru mu kuvuga ko vyoyibera vyiza ihagaritse gutera ubwoba Amerika nay’ahandi izokwakirwa n’umuriro utigeze kubaho kw’isi.

Trump, yabibwiye abamenyeshamakuru ari mu gisagara ca Bedminster, muri reta ya New Jersey.

Ivyo yabishikirije haheze amasaha make ibinyamakuru vyo muri Amerika bitangaje ko ibiro vy’igisirikare c’Amerika bijejwe iperereza vyemeje ko m’ukwezi guheze Koreya ya Ruguru yubatse ikirwanisho ca Nikleyeri gishobora guterwa muri Misile.

Iyo mvugo ya Trump kur’uyu wa kabiri, isa n'iyakoreshejwe na Koreya ya ruguru, ituma hashobora kwaduka intambara mur’iryo zinga rya Koreya, aho intambara yo mu myaka y’1950 yabaye mur’ico gice ataho yashikanye ivyo bihugu vyose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG