Uko wahagera

Venezuela: Amatora y'Abashingamateka Yaranzwe n'Ubwicanyi


Muri Venezuela, amatora yabaye kur’uyu w’Imana, y’inama nshingamateka nshasha, igizwe n’abantu amajana atanu na mirongo ine na batanu, bategekanya gushiraho ibwirizwa shingiro rishasha, yaranzwe n’ubwicanyi, imyiyerekano n’intureka. Abantu icenda nibo basize ubuzima mur’izo ntureka, kuva k’umunsi wa gatanu, gushik’ubu abarenga kw’ijana na mirongo ibiri nibo baharugwa ko bahitanywe n’izo ntureka kuva mu mezi ane aheze.

Mu bahitanywe n’izo ntureka, harimwo umushingwamanza Jose Felix Pineda, w’imyaka mirongo itatu n'icenda, yiciwe mu nzu iwe k’umugoroba wo kuwa gatandatu. Kur’uyu w’Imana abapolisi bane barakomerekeye mur’izo ntureka, mu gihe haterwa igisasu ku miduga abo bapolisi barimwo.

Prezida Nicolas Maduro wa Venezuela, yari yatangaje ko umuntu wese ahirahira akandurumbanya ayo matora ashobora kuzokatirwa umunyororo w’imyaka cumi. Yamara ibibanza bitari bike vyari vyategekanijwe kuberamwo ayo matora nta bantu babitonzemwo. Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko ibice mirongo indwi kw’ijana vy’abanyagihugu ba Venezuela batemera ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG