Uko wahagera

Bombe Yahitanye 35 muri Afuganisitani


Igitero ca bombe y’umwiyahuzi w’umutalibani cahitanye abantu 35 abandi batari bake barakomereka ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, Najib Danish yaremeje ayo amakuru. Yasiguye kw’uwo mwiyahuzi yasatse n’imodoka yuzuye amabombe minibisi yari yuzuye abakozi ba Reta b’abasivile mu gice co mu burengero bw’umurwa mukuru. Abategetsi b’ibitaro biteze kw’igitigiri c’abapfuye n’abakomeretse ciyongera.

Umuvugizi w’igipolisi c'i Kabul yabwiye Ijwi rya Amerika ko benshi mu bapfuye n’abakomeretse bakora mu gisata c’ugucukura ubutare n’ibitoro.

Abatalibani bihutiye kwiyitirira ico gitero ca bombe. Perezida wa Afuganistani, Ashraf Ghan yiyamirije ico gitero cagizwe ku basivile.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International ryiyamirije ico gitero cagizwe ku basivile. Ishirahamwe, Amnesty International rivuga kw’ico ar’icaha co mu ngwano. Iryo shirahamwe risaba Reta ya Afuganistani gukora uko ishobora kwose kugira ikingire abanyagihugu bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG