Uko wahagera

Sudani Isaba Amerika Kuyikurako Ibihano vy'Imyaka 24


Prezida Omar Hassan al-Bashir wa Sudani
Prezida Omar Hassan al-Bashir wa Sudani

Igihugu ca Sudani casavye Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko yogikurako burundu ibihano kimaranye imyaka mirongo ibiri n'ine. Sudani yagabishije ko ishobora gusubira mu ntambara ari hamwe ivyo bihano bitagikuweko.

Reta yari irongowe na Barack Obama yari yahagaritse vy’agateganyo ivyo bihano, m’ukwezi kwa mbere, ibanje gushiraho ivyo Reta ya Sudani yategeterezwa kubanza kwubahiriza.

Bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatatu, ivyo bihano bikurwa kuri Sudani burundu, kiretse ari hamwe Reta irongowe na Prezida Donald Trump ihisemwo guhindura ingingo zasize zishinzwe na Reta yahora irongowe na Barack Obama.

Ibrahim Ghandour, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Sudani n’ayandi makungu avuga ko intambara iri hagati ya Reta n’imirwi y’abarwanyi, yahitanye abantu bashika ku bihumbi amajana atatu kuva m'umwaka w'ibihumbi bibiri na gatatu, ishobora gusubira kwaduka, ari hamwe Amerika idakuyeho ibihano biri kuri Sudani. Ghandour akavuga ko ivyo bizotuma iyo mirwi ishinga imizi, ariko ko mu gihe vyokurwaho bazoheza bagasubira mu biganiro n’iyo mirwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG