Uko wahagera

Perezida Trump Yaravuganye na Xi Jinping na Shinzo Abe


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yaravuganye kuri telephone n'a perezida w'Ubushinwa Xi Jiping. Yarongeye avugana kandi n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, ku vyerekeye ikibazo c’ibigwanisho ruhonyanganda vy’igihugu ca Koreya ya ruguru.

Perezidansi ya Amerika ivuga ko ba Perezida Trump na Jinping, bose basubiye gutangaza ko biyemeje gukura ibigwanisho ruhonyanganda mu karere ka za Koreya zombi.

Perezida Trump yarashikirije kandi amakenga afise kuri programe y’ibigwanusho vya misile z’ubumara zirasa kure vya Koreya ya ruguru.

Ibinyamakuru vy’Ubushinwa vyatangaje kandi inkuru ivuga ko Perezida Jinping yabwiye Pereziza Trump ko hari ibintu vyatumye imidengederanire y’ibihugu vyombi itosekara. Yongera avuga ko yizeye ko Perezida Trump azoshobora kwihweza ibibazo bijanye na Tayiwani yisunze imigambi ngenderwako y’Ubushinwa, ivuga kw’iki gihugu kitagaburwamwo kubiri.

Kuva mu mwaka w’1979, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaremeye ingingo y'igihugu c’Ubushinwa ivuga ko Tayiwani ari intara yaco.

Mu ndwi iheze ariko, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaremeye umugambi wo kugurisha ibigwanisho kuri Tayiwani, bifise agaciro k’amadolari y‘Abanyamerika angana n'imiliyari imwe n’imiliyoni 42.

Perezidansi ya Amerika itangaza ko mu kiganiro PerezidaTrump yagize n’umushikirangnaji wa mbere w'Ubuyapani Abe, abo bategetsi uko ari babiri, bahuriye ku mugambi umwe wo guhimiriza igihugu ca Koreya ya ruguru kugira gihindure inzira cafashe, ishobora kuvamwo intureka.

Abo bategetsi baratangaje kandi ko biteguriye gufata ingingo zose zikenewe mu gihe Koreya ya ruguru, cohirahira, kigakoresha ibigwanisho ruhonyanganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG