Uko wahagera

Cholera Imaze Kwica 1500 muri Yemeni


Abarwayi ba Cholera aho bariko bavurirwa mu bitari vy' i Sanaa, muri Yemen
Abarwayi ba Cholera aho bariko bavurirwa mu bitari vy' i Sanaa, muri Yemen

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku magara y’abantu, OMS kivuga ko abantu 1,500 muri Yemeni bishwe n’ikiza ca Kolera kuva aho gitanguye gusasika inganda m’ukwezi kwa kane kw’uyu mwaka.

Abashika ica kane c’umuriyoni w’abanyagihugu nibo bafashwe. OMS ivuga kandi ko ica kane c’abapfuye ar’abana.

Intambara imaze imyaka ibiri irongowe na Arabiya Sawudite ku barwanyi b’abayisilamu bo m’ubwoko bw’aba Huthi yasambuye inyubakwa zitari nke, ituma kandi haba ikena ry’imiti muri Yemeni, igihugu gikenye cane mur’ako karere k’abarabu bikaba ari navyo vyatumye ico kiza ca Cholera kihaka indaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG