Uko wahagera

Amerika Igiye Guhagarika Urudandaza na Arabiya Sawudite


Prezida Trump muri Arabiya Sawudite
Prezida Trump muri Arabiya Sawudite

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta ya Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson, yabonanye na mugenzi we wa Qatar, kur’uyu wa kabiri, hano I Washington, inyuma y’indwi zitatu Arabiya Sawudite n’ibindi bihugu vy’abarabu, bifatiye ibihano ico gihugu, mu bijanye n’imigenderanire hamwe n’urudandaza.

Ivyo bihugu vyagiriza Qatar ko ikorana n’imirwi y’iterabwoba, yamara Qatar irahakana ivyo birego. Tillerson yahamagariye ibihugu vy’abarabu kuganira, kugira bishobore gutora umuti w’ayo matati.

Iruhande y’ivyo bihano, ivyo bihugu vyarugariye kandi imihora amashirahamwe y’indege za Qatar k’ubutaka bwavyo, vyongera bihagarika uruja n’uruza rw’ibifungurwa bija mur’ico gihugu.

Reta irongowe na Prezida Donald Trump imenyesha ko itegekanya guhagarika uruja n’uruza rw’ibidandazwa n’amafaranga aja muri Arabiya Sawudite. Ayo nayo angana n’imiliyaridi amajana atatu na mirongo itanu z’amadorari y’abanyamerika. Ni mu gihe kandi Igihugu ca Qatar arico gicumbitse ibirwanisho vyinshi vya Amerika, bikorera mur’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG