Uko wahagera

Abakuru ba EAC Baziga Ikibazo c'Uburundi muri Tanzaniya


BURUNDI EAC Archives
BURUNDI EAC Archives

Intumwa za Reta y’Uburundi zamaze gushika I Daresalaam ku murwa mukuru w’igihugu ca Tanzania, ahategekanijwe kubera inama igira 18 y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Izo nazo zirongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire Alain Aime Nyamitwe hamwe n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe guhanahana amakuru Willy Nyamitwe.

Intuma zibanziriza abakuru b’ibindi b’ihugu nk’u Rwanda hamwe n’Ubuganda nazo zamaze gushika. Harimwo aba shikiranganji bajejwe iyinjira ry’ivyo bihugu muri Afrika y’ubuseruko canke abandi bakozi bakuru mur’ubwo bushikiranganji hamwe n’abaserukira ivyo bihugu muri Tanzania. Umukuru w’igihugu c’Ubuganda mbere Yoweri Kaguta Museveni niwe azoca ashikirzwa uburongozi bw’uwo muryango mu kiringo c’umwaka umwe. Azoba asubiriye umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuri.

Hamaze gushika kandi n’abandi baserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU hamwe n’ibihugu vya Bulaya na Amerika.

Iruhande yabo, hari n’intumwa z’urunani Cnared rutavuga rumwe na Reta y’Uburundi. Abo barongowe n’uwutwara urwo runani Charles Nditije. Babwiye Ijwi rya Amerika ko bazanywe no gutuma umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin Mkapa ijambo yobabwirira abo bakuru b’ibihugu.

Mur’ubwo butumwa harimwo ko bogondoza umukuru w’igihugu c’Uburundi akitaba ibiganiro hamwe n’uko yohagarika umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro.

Ni mu gihe Ibiro vy’umuhuza mu matati y’Uburundi Benjamin William Mkapa vyemeje kw’ umuhuza yatumiwe kugira ashirkirize icegeranyo c’aho agejeje igikorwa yahawe n’abo bakuru b’ibihugu co kuba umuhuza mu matati ya politike ari mu Burundi na mugenzi Yoweri Museveni Pereza w’Ubuganda.

Naho ku rutonde bitagaragara, Ivyo biro vyavuze kw’ umuhuza azoshikiriza ico kibazo mu nama yo mu mwiherero y’abo ba perezida.

Mu kwezi kwa kabiri, inyuma y’ivyo biganiro vyabereye I Arusha, uwo muhuza yari yifuje ko hoba inama nk’iyo y’abakuru b’ibihugu ku kibazo c’Uburundi.

Abatavugarumwe na reta biteze kw’ iyo nama ishobora kuvamwo urukiza canke umwiheburo ku barundi.

Twibutse ko mur’iyo nama igira 18 y’abakuru b’ibihugu vya Eac yo kur’ uyu wa gatandatu, rizoba ribaye irya mbere umukuru w’igihugu ca Sudani y’epho Salva Kiir, yakirwa iruhande ya bagenzi we.

N’inkuru ya mugenzi wacu w’Ijwi rya Amerika Pierre Claver Niyonkuru, ari I Daresalaam

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:52 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG