Uko wahagera

BURUNDI: OBR Irashimishwa n'Umwimbu w'Aya Mezi Atatu


Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi mu Burundi, OBR gitangaza ko cegeranije ama miliyaridi arenga 178 z'amafranga y'amarundi muri aya mezi atatu aheze. Komiseri mukuru wa OBR Leonard Sentore yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane.

Ikigo OBR cemeza ko mu mezi atatu ari imbere cizeye kwegeranya ayaruta ayo nayo Leta ivuga ko urugero rw'ubutunzi uyu mwaka ruzoba ari 2.9%.

Ikigo OBR gisigura ko amafaranga caronse muri aya mezi atatu ya mbere y’umwaka w’I 2017 arenga ayari yategekanijwe kuko cari citeze kuronka imiliyaridi 170 zirenga gato.

Leonard Sentore amenyesha ko amafaranga cegeranije muri iki gice ca mbere c’umwaka aruta cane ayo cari caronse mur’ico kiringo mu mwaka w’I 2016.

Ibishikirizwa na OBR birashimangirwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta, Desire Musharitse anavuga ko urugero rw’ubutunzi rubandanya kwiyongera kuva mu mwaka uheze.

Mu mezi atatu ari imbere OBR kimenyesha ko citeze gushira mu kigega ca Leta imiliyaridi zirenga 179.

Inama nshingamateka iherutse kuvuga ko ibifungurwa bimwe bimwe biva hanze y’igihugu bigiye gukurwako amatagisi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta avuga ko mu misi ya vuba urutonde rw’ibidandazwa vyerekewe n’iyo ngingo bizoja ahabona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG