Uko wahagera

Moscou: Elexei Navalny Yafunzwe Iminsi 15


Sentare mu gihugu c’Uburusiya yaciriye, Elexei Navalny umuyobozi b’abatavuga rumwe na reta umunyororo w’ugupfungwa imisi cumi n’itanu. Ivyo inyuma yuko we n’abantu amajana n’amajana bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ruswa ikorwa na reta batawe mu nvuto.

Navalny yajanywe muri sentare ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou amasaha makeyi imbere yuko abategetsi bavuga kw’imyiyerekano yari ayoboye ari agasomborotso. Bagiriza abayiteguye ko baha amafaranga abakiri bato kugira baje mu myiyerekano.

Iyo sentare yantangaje ko Navalny yagiwe n’ivyaha vy’ugudadaza ku mategeko y’igipolisi. Imbere yaho yari yahawe ihadabu y’amadolari amajana atatu na mirongo itanu kubera yari yateguye imyiyerekano itarekuriwe n’amategeko.

Abarusiya ibihumbi n’ibihumbi baragize imyiyerekano mu bisagara bitandukanye vy’igihugu ku musi w’Imana. Iyo myiyerekano yari igenewe gushigikira akamo katewe na Navalny kasaba kw’abategetsi b’Uburusiya bakwirikiranwa n’amategeko.

Ishirahamwe rikwirikirana ikandamizwa kubera impamvu za politike mu Burusiya, OVD-Info, ryamenyesheje ku kibanza caryo ca internet, kw’abantu barenga igihumbi bahagaritswe mu myiyerekano yabereye mu gisagara ca Moscou honyene.

Ico gitigiri yamara nticemejwe n’amakuru yigenga. Igipolisi co muri Moscou catangaje ko cahagaritse abantu bagera ku majana atanu harimwo Navalny.

Reta ya Amerika yiyamirije yivuye inyuma ipfungwa ry’abari mu myiyerekano harimwo Alexei Navalny.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mark Toner yatangaje ko gupfunga abari mu myiyerekano, abakwirikirana agateka ka muntu n’abamenyeshamakuru ari iceyi ku mico ya demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG