Uko wahagera

Isirayeri: Umusore Akekwako Iterabwoba Yafashwe


Igipolisi muri Isirayeli gitangaza ko cafashe umusore w’umuyahudi w’imyaka 19 akekwa kuba yariko ahamagarira igigwa ry’ibitero vy’amabombe ku nyubakwa z’abayahudi b'abanyamerika mubice bitandukanye vya Reta z’unze ubumwe za Amerika.

Umuvugizi w’igipolisi ca Isirayeli, Micky Rosenfeld yavuze ko bakeka ko uwo musore afise uruhara mw’iterabwoba rimaze indwi zitari nke rigirwa ku nyubakwa z'abayahudi muri Amerika.

Muri Amerika, umushikiranganji w'ubutungane, Jeff Sessions, yavuze ko ifatwa ry’uwo musore rifashije kugira amatohoza akomeye atangure gukorwa. Ayo matohoza akaba agiye gutangura gukorwa hagati y’inzego z’igipolisi mu bihugu bitandukanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG