Uko wahagera

Malariya Ibangamiye Abanyagihugu muri EAC


Abana bakitswe na malariya
Abana bakitswe na malariya

Igisata c’umuryango w’Afrika y’ubuseruko, EAC, kijejwe ubushakashatsi mu magara y’abantu kivuga ko bimaze kwibonekeza ko ingwara ya malariya ibangamiye abanyagihugu benshi mu karere. Naho iyo ngwara itarashika ku rwego rw’ikiza mu karere, umuryango w’Afrika y’ubuseruko uvuga ko ingingo zikomeye zibwirizwa gufatwa. Uretse malariya hari n’izindi ndwara zituruka kw'isuku rike, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’uruja n’uruza rw’abantu.

Mu ntumbero yo kwigira hamwe ukugene akarere kose kohangana n’izo ndwara hamwe n’ibiza bitandukanye bishobora kwaduka, harategekanijwe inama rukokoma izobera i Bujumbura mu Burundi mu mpera z’uku kwezi kwa 3. Iyo nama yateguwe n’umuryango w’Afrika y’ubuseruko, izotangura italike 29 z’uku kwezi.

Mu ntango zuyu mwaka, mu gihugu c’Ubuganda hadutse indwara y’ibicurane vy’inkoko ariko ifata n’abantu yitwa Grippe Aviaire. Vyatumye ibihigu bibanyi harimwo n’u Rwanda bifata ingingo zo guhagarika kuzana inkoko n’ibizikomokako bituruka mur'ico gihugu. Ubu, igisata c’amagara y’abantu mu karere k’Afrika y’ubuseruko kivuga ko isa n’iyaheze.

Iyo nama y’abahinga mu bushakashatsi bw’amagara y’abantu izobera i Bujumbura igira gatandatu. Izoba irimwo abashakashatsi n’abahinga 500. Bitegekanijwe ko hafatirwayo ingingo zituma haba ugutabara vyihuta mu gihe hokwaduka ikiza c’indwara mu bihugu vy’akarere k’Afurika y’ubuseruko.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru ukorera Arusha muri Tanzaniya ni we wateguye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:32 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG