Uko wahagera

Perezida Trump Yaganiye na Perezida wa Brezile


Prezida Donald Trump wa Amerika
Prezida Donald Trump wa Amerika

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagiranye ikiganiro kw’iterefone na mugenzi we wa Brezile, Michel Temer, kur’uyu wa gatandatu. Ico kiganiro cabaye inyuma y’umunsi umwe Trump yakiriye mu biro iwe Angela Merkel w’Ubudagi.

Abanyagihugu batari bake baturuka mu gihugu ca Brezile, bashigikiye Hillary Clinton yahiganwa na Perezida Trump mu matora, bivuye ku migambi yo kugwanya imigenderanire y’urudandaza hagati y’ibihugu vya Amerika yo m’uburaruko. Yamara Perezida Temer yararungikiye Trump ubutumwa bwo kumukeza.

Perezida Temer amenyesha ko igwirirana ry’ibidandazwa hagati ya Amerika na Brezile, n’imitahe myinshi ya Amerika mu gihugu ciwe ar’uburyo bwo kunagura ubutunzi bwa Brezile bubangamiwe cane. Ni mu gihe Bwana Trump we amenyesha ko atemera na gato uburyo urudandaza hagati ya Amerika n’amakungu rutunganijwe. Aha akavuga amasezerano ya Amerika n’ibihugu bihurira kw’ibahari Pasifike, hamwe n’amasezerano ALENA ahuza Amerika, Mexique na Canada.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG