Uko wahagera

Imvura Yahitanye Abantu 6 Mu Burundi


Imvura yatumye ibarabara rya Bujumbura-Cibitoke ridahita kuva ku mugoroba wo kuwa kane
Imvura yatumye ibarabara rya Bujumbura-Cibitoke ridahita kuva ku mugoroba wo kuwa kane

Mu Burundi, abana batanu bo mu muryango umwe baraye bapfuye, abandi babiri barakomereka ku mutumba Gafumbegeti, zone Butahana muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke baguweko n’inzu, yasidutse bitumwe n’imvura nyinshi.

Ahandi havugwa imvura nyinshi ni mu gisagara ca Bujumbura aho umusirikare umwe yaraye ahitanywe n’umwuzurira w’uruzi rwa Kinyankonge.

Iyo mvura kandi yatumye n’ibarabara rya Bujumbura-Cibitoke ridahita mu gace ka Nyamitanga muri komine Buganda.

Imvura yaguye kuva igihe c’isaha imwe y’ijoro kur’uyu wa kane n’iyo yahitanye ivyo bibondo nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha musitanteri wa Komine Mabayi abivuga.

Musitanteri Pascal Basaburwuzuye avuga ko iyo mvura yari nyinshi ituma umusozi usiduka, uhitana inzu abo bana bari baryamyemwo. Yavuze ko iruhande y’urwo rupfu rw’abana batanu, imirima n’amazu bitari bike navyo nyene vyononywe n’iyo mvura.

Iyo mvura kandi yatumye ibarabara rya Bujumbura-Cibitoke ridahita kuva ku mugoroba wo kuwa kane.

Mu gace ka Nyamitanga muri Komine Buganda, ivyondo vyaruzuye mw’ibarabara, bituma abari bavuye mu gisagara ca Bujumbura, canke ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke basubira iyo bari baje bava.

No mu gitondo c’uno wa gatanu ibarabara rya Bujumbura-Cibitoke uruja n’uruza ntirwari rworoshe ku biyunguruza ku mapikipiki no mu ma modokari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG