Uko wahagera

Somaliya: Abantu 2 Bakomeretse mu Gutana mu Mitwe Ahitwa Haaba


Ubwato bwari bwanyurujwe n'inkozi z'ikibi zikorera mu mazi hafi ya Somaliya mu mwaka w'i 2014
Ubwato bwari bwanyurujwe n'inkozi z'ikibi zikorera mu mazi hafi ya Somaliya mu mwaka w'i 2014

Mu gihugu ca Somalia, abantu babiri bo mu gisagara ca Haabo, bakomeretse uyu musi ku wa kane, igihe abasirikare bo mu rwego rwa Navy bagwanira mu mazi, bataniye mu mitwe n’abantu bari mu bwatobwari bushiriye ibifungurgwa abandi bari mu bwato banyuruje, ku nkengera y’ibahari.

Abantu bavyiboneye babwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’abasirikare b’igihugu ca Somalia mu ntara ya Puntland bagwanira mu mazi, bafashe ubwato bavuga ko bwari bushiriye ibifungurwa abagwanyi bafashe ubwato bwitwa Aris, burimwo abantu 13 hamwe n’abadereva babwo umunani bava mu gihugu ca Sri Lanka.

Ayo makuru avuga kw’ivyo vyabereye hafi y’inkengera y’ibahari kandi kw’abakomeretse bose bari ku butaka.

Imbere y’aho, umutegetsi ajejwe uruja n’uruza mw’ibahari, yari yatangaje ko banye ubwato bwafashwe, bashoboye kuvugana n’abari mur’ubwo bwato, bakaba rero batangaje kw’abari mur’ubwo bwato bwafashwe, boose bameze neza.

Abategetsi bo mu ntara ya Puntland, batangaje ko barungitse intumwa hamwe n’abapolisi mu kibanza kirimwo urwo ruhagarara kugira ngo batore inyishu, hakoreshejwe inzira y’amahoro.

XS
SM
MD
LG