Uko wahagera

Ibiganiro vy'Amahoro Hagati y'Abanyasiriya


Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Siriya, uyu musi ku wa kane, yabonanye n’intumwa z'iyo reta mu nama yabereye I Geneve mu Busuwisi. Ni mu ntumbero yo kubandanya utwigoro two guhagarika ingwano yo mur’ico gihugu, imaze imyaka itandatu.

Staffan de Mistura yarategekanije kandi kubonana n’abari mu murwi utavuga rumwe na reta ya Siriya. Ivyo biganiro bibaye haheze umusi umwe, atangaje kw’ata kizero afise kw’abo bategetsi bazogira ico bapfunditse, naho yavuze ko mur’iki gihe, hibonekeza ubushatse ku mpande zose, bwo kubandanya umugambi w’amahoro.

Abegwa n’ikibazo c’amahoro muri Siriya baheruka kubonana mu mezi icenda aheze, mu nama yabereye mu Busuwisi. Ivyo biganiro vya nyuma baherukamwo, vyaheze nabi, bivuye ku masezerano y’agahengwe, yagumye ahonyangwa incuro zitari nke.

Intumwa ya ONU De Mistura yavuze kw’ivyo biganiro bisubiye gutangura kubera impamde zose zubahirije amasezerano y’agahengwe. Yongeye aragabisha ko hari ababisha boshobora gusotorana kugira ngo, ivyo biganiro bisubure guhagarara.

De Mistura yavuze ko mu bintu bigiye kwihwezwa, harimwo reta ihurikiyemwo bose, urwandiko rw’ibwirizwa shingiro, hamwe n’amatora atunganijwe mu mwidegemvyo, azohagarikirwa n’ishirahamwe mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG