Uko wahagera

Pakistani: Abantu 40 Bahitanwe n'Igitero c'Umwiyahuzi


Abasirikare n'abaporisi ba Pakistani bakoraniye ahabereye igitero
Abasirikare n'abaporisi ba Pakistani bakoraniye ahabereye igitero

Umwiyahuzi yari afise bombe yishe abantu mirongo ine akomeretsa abandi batari bake mu gisagara ca Sehwan Sharif, mu bumanuko bw’igihugu ca Pakistani.

Abapfasoni n’abana bari mu bahitanywe n’ico gitero cabaye uno musi ku wa kane itariki 16 z'ukwezi kwa kabiri 2017.

Abakozi bajejwe gutabara bavuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

Mu gitero gitandukanye, bombe yari yetezwe kw’ibarabara yahitanye abasirikare batatu bari mu modoka z’igisirikare mu ntara ya Baluchistani, mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistani.

Ibitero vya bombe vy’abiyahuzi n’ibindi bitero vy’abarwanyi vyahitanye abantu cumi na bane, bikomeretsa abandi batari bake muri iyi ndwi mu gihugu ca Pakistani.

Igitero cihaye inkumbi kurushiriza cabaye ku musi wa mbere mu gisagara ca Lahore, mu buseruko bwa Pakistani, cahitanye abantu cumi na bane, gikomeretsa abandi barenga ijana.

Abatalibani barwanya Reta ya Pakistanai bariyitiriye ivyo bitero n’ubwo bwicanyi.

XS
SM
MD
LG