Uko wahagera

Impari Hagati y'Ubuyapani na Koreya y'Amajepfo


Abanyagihugu ba Koreya y'Ubuyapani mu myiyerekano yo kwibuka ababo bagizwe imbohe zo gushurashuzwa ku nguvu, mu ntambara y'Ubuyapani
Abanyagihugu ba Koreya y'Ubuyapani mu myiyerekano yo kwibuka ababo bagizwe imbohe zo gushurashuzwa ku nguvu, mu ntambara y'Ubuyapani

Impari zasubiye kwaduka hagati y’Ubuyapani na Koreya y’amajepfo ku bijanye n’abantu bagizwe imbohe zo gushurashuzwa ku nguvu mu ntambara y’Ubuyapani. Ivyo vyatumye haba icuka kibi ku migenderanire y’umutekano hagati y’ivyo bihugu bibiri, hamwe no kutumvikana kumaze iminsi hagati ya Koreya y’Uburaruko na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ukutumvikana hagati y’ivyo bihugu kwunyuwe n’ishusho yamanitswe, mu kwezi guheze, na Koreya y’amajepfo, ishushanya abakenyezi bahohotewe n’abasirikare b’Ubuyapani mu ngwano ya kabiri y’isi yose. Reta y’Ubupani ikaba yatangaje ko imanikwa ry’iyo shusho ryarenze ku masezerano yo mu kwezi kwa kabiri, mu Bihumbi bibiri na cumi na gatanu, hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

Ayo masezerano akuraho ikibazo c’abakenyezi bakoreshejwe mu gushurashuzwa ku nguvu mur’iyo ntambara. Ubuyapani bumenyesha ko ivyo vyarenze ku yandi masezerano ya Vienne, ku bijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, isaba ko ivyo bihugu bikingira ababiserukira, m’ukububahiriza.

Ubuyapani bukaba bwaciye butumako uwubuserukira muri Koreya y’amajepfo, mu ntango z’uku kwezi kwa mbere.

XS
SM
MD
LG