Uko wahagera

Kongo: Kiliziya Yifuza Amasezerano kuri Noheli


Abagize urunani rw’imigambwe ishigikiye perezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo, n’urunani rw’imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta basubiye kubonana kandi uno musi ku wa kane kugira bumvikane ku vyerekeye kwigizayo amatora.

Abahuza ba Ekleziya Katolika bavuga koi zo mpande zibiri zikeneye gushika ku masezerano imbere ya Noeli. Yamara gushika ubu nta ruhande na rumwe ruriko rwerekana ibimenyetso vy’ukwumvikana.

Ibiganiro vyahagaritswe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, mu gihe abaserukira abepskopi bo muri Kongo bagendeye Papa Faransisiko, kugira abahe impanuro ku vyerekeye ibibazo vya politike biri mu gihugu cabo.

Ikiringo ca Perezida Joseph Kabila, carangiye isaha zitandatu zo mw’ijoro ku musi wa mbere. Yamara afise imigambi y’ukuguma ku butegetsi gushika amatora ashobore kuba.

Gushika ubu prezida Kabila, yaranse kwemera ibisabwa n’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta iyobowe na Etienne Tshisekedi, vyuko yokwiyemeza ku mugaragaro ko atazorondera kwitoza mu kiringo kiigira gatatu.

Ivyo biraziririzwa n’ibwirizwa shingiro.

XS
SM
MD
LG