Uko wahagera

Abiyahuzi Bishe Abashika 30 muri Nijeriya


Igisirikare ca Nijeriya kimenyesha ko abantu bashika 30 bapfuye mu buraruko bw’igihugu inyuma y’aho abagore babiri b’abiyahuzi baturikije bombe zibiri mw’isoko rihurumbirwamwo abantu benshi mu gitondo co kur’uyu wa gatanu.

Igisirikare cegeka ico gitero k’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram usanzwe uzwi ko ariwo ukoresha abagore n’imiyabaga y’abakobwa mu kugaba ibitero vy’ubwihevyi.

Gushik’ubu Boko Haram nturatangaza ko ariwo wakigavye.

Umuvugizi w’igisirikare ca Nijeriya Majoro Badere Akintoye yatangaje ko haruhande y’abo bapfuye, abandi banyagihugu 67 bakomeretse.

Agace ka Magdali kabereyemwo ico gitero karamaze amezi atari make mu mwaka uheze kagenzurwa na Boko Haram, imbere y’uko igisirikare ca Nijeriya kihigarurira.

XS
SM
MD
LG