Uko wahagera

Mkapa Amenyesha Ko Abaronderwa n'Ubutungane Batemewe mu Biganiro


Benjamin Mkapa yahoze arongoye Tanzaniya
Benjamin Mkapa yahoze arongoye Tanzaniya

Umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Wiliam Mkapa amenyesha ko abantu baronderwa n'ubutungane bw’u Burundi batemerewe kuja mu biganiro.

Mkapa yabivuze mu gihe yariko asozera urugendo rwiwe yaramazemwo imisi itatu ahejeje kubonana na Perezida Pierre Nkurunziza irya kabiri.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru Mkapa yemeje ko abakivuga ko inzego z’igihugu zitemewe n’amategeko “bataye umutwe.”

Mkapa yagize ati “Nta burenganzira mfise bwo kuvuga ko leta y’u Burundi yemewe canke itemewe. Abarundi nibo bayihaye ukwemerwa. Amatora yarabaye, za sentare ziriturwa harimwo sentare ya EAC. Bose bavuze ko ata mategeko yarenzwe. Abibaza rero ko ari jewe nemeza inzego barataye umutwe, mubimvugire uko nyene sinzi uwabaroze pe.”

Mkapa yavuze ko abaserukira ibihugu vyabo iyo bagendeye Uburundi bakirwa na Perezida Nkurunziza.

“Akanama k’amahoro n’umutekano ka ONU karamwemera nk’umukuru w’igihugu. None ubwo busazi buva hehe? Turiko dutakaza akanya tuvuga ibintu vyaheze kera. Ndazi ko bija gutuma ibinymakuru bigurishwa cane n’amaradiyo yumvirizwa ariko n’ukuri.”

Mkapa yanagize icavuga ku bantu bakurikiranwa n’ubutungane.

Ashikiriza ko batemewe mu biganiro.

“Icambere na mbere co n’uko abantu bakurikiranwa n’ubutungane kubera bashatse gutembagaza ubutegetsi iki atari igihe co kuganira nabo.”

Yasavye impande zose guhagarika ubugizi bwa nabi atakirinze gusabwa.

“Icihutirwa s’uko nja kurondera imigwi igwanya Leta yitwaje ibigwanisho.

Nta nabo nzi sinzi n’igitigiri cayo. Ikindaje ishinga n’ukurondera abataco bagirizwa nkabshira hamwe na Leta bakumvikana uko ibintu vyiogenda.”

Uwo mutama w’imyaka 78 yahoze arongoye Tanzaniya anasaba ibihugu bicumbikiye bashatse guhirika ubutegetsi mu mwaka w’i 2015 kubarabira hagufi.

“Abo bashatse guhirika ubutegetsi jewe sindahura nabo n’ukuri. Namaze kuvuga ko batandaje ishinga. Ico nsaba ibihugu vy’abahaye indaro n’ukubacunga neza ntibaze kudutobera ivyo turiko turakora, n’ukuri.”

Umuhuza mu matati y’Abarundi yanashikirije aho ahagaze ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Mkapa yagize ati “Mbega ko muri Tanzania, Kenya , Ubuganda nahandi mu myaka ibiri iheze mabwirizwa nshingiro yahinyanyuwe ni kuki Abarundi bokwakwa ubwo burenganzira.”

Mkapa yibukije ko abantu bakwiye kwama bibuka kuwutsinze amatora adaca acinyiza abatsinzwe ariko kandi ko n’abatsinzwe badaca batera umudurumbanyo mu gihugu.

XS
SM
MD
LG