Uko wahagera

ONU Isaba Amakungu Gufasha Nijeriya


Ikambi ry'Impunzi ry'i Dikwa, m'Uburaruko bushira Ubuseruko bwa Nijeriya
Ikambi ry'Impunzi ry'i Dikwa, m'Uburaruko bushira Ubuseruko bwa Nijeriya

Abategetsi ba Nijeriya hamwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bamenyesha ko bashobora gutora umuti w’ingorane zugarije abanyagihugu m’uburaruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu, ari hamwe baronkejwe imfashanyo ikenewe.

Ni mur’iyo ntumbero Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yateye akamo kur’uyu wa mbere, isaba imfashanyo yo mu mwaka uza w’Ibihumbi Bibiri na Cumi n'Indwi, irenga umuliyaridi w’amadolari, agenewe gufasha abantu bashika ku miliyoni indwi basinzikajwe n’intambara ya Boko Haram.

Zainab Ahmed, Umushikiranganji wa Reta muri Nijeriya amenyesha ko ico giharuro gihindagurika bivanye n’uko har’uturere tumwe abagwanyi ba Boko Haram basubiye kwigarurira, ivyo ngo bigatuma abanyagihugu bama bari mu ngorane zidasanzwe.

Mwomenya ko intambara y’umugwi Boko Haram m’uburaruko bwa Nijeriya yatanguye mu mwaka w’Ibihukmbi Bibiri n'Icenda, ikaba imaze guhitana abanyagihugu bashika ku Bihumbi Mirongo Ibiri, nayo abagera mu ma miliyoni bakaba bamaze guta izabo bahungira mu bihugu bibanyi vya Nijeriya.

XS
SM
MD
LG